Afro Shemeza Company itanguye igikorwa co gufasha impfuvyi, kandi basaba uwifuza wese kugira ico afashije

By  |  0 Comments

Sponsored kidSponsored kid2

Nka Afro Shemeza Company (Shemeza Clouds TV, Shemeza Stores, Shemeza Studios) twiyemeje gutangura igikorwa co gufasha impfuvyi nkuko bari barabishatse kuva kera rero bagiye kubishira mungiro. Afro Shemeza Company mugutangura ivyo bikorwa yatanguje ikindi gisata citwa Shemeza Funds mugufasha abitishoboye. Shemeza Company yafashe umwanzuro wo gufasha abana babiri, umwe nuwo mubona kwipica, mukubakotera aho baba, hamwe numukozi wo kubarera no kubatwara kwishure. Umwe mubakozi ba Afro Shemeza Company ari iBujumbura yaravuganye numuvyeyi wabo bana aremera ko Umurongozi wa Afro Shemeza Company yisunze ikampuni yiwe ko yotora abo bana akabareresha. Abo bana banafise ingorane yingwara bavukanye nkuko umuvyeyi wabo abivuga, kandi mubitaro bimwe bimwe barabuze ingwara ariko rero Afro Shemeza Company kuko bizera Imana kandi nuwuyirongoye ari umukozi w’Imana, yavuze nti ntakidashobokera Imana, Uhoraho azogaragaza ibitangaza vyiwe kurabo bana, isi imenye kw’Imana ikora. Shemeza Company irasaba imfashanyo kubantu bose bafise umutima wo gufasha abo bana, barashobora guca kuri Shemeza Company kugirango bashobore gufasha abo bana. Ibikenewe sibike kuko Shemeza Company izokwama itanga ikiringo camafaranga kugirango abo bana bashobore kuronka ubuzima bwiza basaba abakunzi ba shemeza eka nuwari we wese yifuza gufasha impfuvyi n’abatishoboye. Mushobora no kugura ibintu mwifuza muri Shemeza Stores, mwoba muriko mufasha impfuvyi, kuko amafaranga mukoresha kugura kuri shemeza, aza gufasha impfuvyi. Umvirize ivyo umwe mubakozi ba Afro Shemeza Company yavuganye numuvyeyi wabo bana. Kanda hano wumve ico bavuganye

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *