Ibintu bituma abamenyeshamakuru bo kuri internet bataronka amakuru y’umuririmvyi wa GOSPEL n’ibi ngaha

By  |  0 Comments

Ibintu bituma umumenyeshamakuru ataronka amakuru menshi cane gose  kuri INTERNET y’abaririmvyi ba GOSPEL ,nkuko twashoboye gukora ubuhinga bwacu ko dushoboye twasanze igituma umuririmvyi aririmba indirimbo za Gospel adakundwa gushikirizwa amakuru yiwe y’ibikorwa akora mu muziki uhimbaza Imana mugihe haba hariho abantu benshi bifuza kuza baramenya amakuru y’umuririmvyi wa Gospel bigatuma bitera inambanyi nyinshi hagati y’umumenyeshamakuru n’umu fans b’indirimbo za Gospel.Kuva umwaka utangura wa 2013 – 2014,umumenyeshamakuru FRANK PRO atangura akazi ko kumenyesha amakuru y’umuririmvyi n’umuririmvyikazi wari wese akora indirimbo zitandukanye haba muri Gospel n’ahandi yarageraje kurondera amakuru y’abaririmvyi ba Gospel akaba yashoboye kuronka amakuru angana 20% mugihe yagiye arondera kiramuririmvyi aririmba Gospel amubaza ibikorwa ariko arakora mugutegurira abantu bahimbarwa no kumva ubutumwa bw’Imana buciye mundirimbo aho FRANK PRO yashoboye kwandikira amaririmvyi barenga 100 baririmba GOSPEL abasaba amakuru yabo hakaba ata numwe yigeze amwishukura kiretse abo bagenda baramusaba ko yobatangariza ibikorwa vyabo.

z_cfan_2014_008 copy

Kuvy’ukuri twashaka kumenyesha abantu bose bakwirikirana ibikorwa vyitangaza amakuru y’umumenyeshamakuru FRANK PRO ko boshobora kumenya ukuri kuvuye kumutima ko tugerageza kurondera amakuru y’umuririmvyi aririmba indirimbo za GOSPLE nabwo twigera tuyaronka nkuko twoba tubishaka kumvo z’uko umuririmvyi aririmba GOSPEL bitwa ko aribo bazi Ijambo ry’imana ico rikwiye gukora kubana bayo mugihe baritanze bakarishikiriza mundirimbo zabo ariko abo baririmvyi ba Gospel siko babikora, FRANK PRO twarashoboye kurondera abo baririmvyi kugira baduhe indirimbo zabo hamwe n’amakuru yabo mugihe abantu benshi bakunda indirimbo za Gopsel batubwira ati dushaka ko mwoza murashikiriza makuru ya Gospel kandi mwongera mudushikiriza n’indirimbo zabo twarashoboye kubikora nkuko mwabidutumye ariko abo baririmvyi ba Gospel nabwo bigera yatanga amakuru yabo canke ngo batange indirimbo zabo twukubwira ko ari 20% bashobora gutanga amakuru yabo.c_cfan_2014_009 copyFRANK PRO akaba arangiza ansaba abaririmvyi baririmbira Imana kandi bazi ico Ijambo ry ‘Imana rikora kandi rifitiye akamaro abantu benshi mugihe bakoze indirimbo zabo bakazishira ahabona mukuzitanga kubamenyeshamakuru bakorera kuri INTERNET nyaburya ariho ubu twovuga ko ariho abantu benshi basigaye bateramira mugukwirikirana ibikorwa vy’umuririmvyi w’umurundi aririmbo indirimbo za Gospel ariko akabibura kumvo z’uko umuririmvyi wa GOSPEL yigungira ko indirimboziwe akananka kuzitanga kugira zoshobore kugirira akamaro umuntu azumvirije ubutumwa bwazo bukamufasha bukanamuha indemesho.

e_cfan_2014_002 copyIzo zikaba ri impamvu zituma umuririmvyi aririmba GOSPEL abantu batabona ibikorwa vyabo aho baca bibaza ngo n’umumenyeshamakuru adashoboye kurondera ayo makuru yabo ayo namba twovuga ko ari umuririmvyi aririmbira IMANA adashobora gutanga amakuru yiwe kandi mugihe umumenyeshamakuru yamutumbere akamusaba amakuru yiwe akayamwima. Twobasaba ko abaririmvyi bose bakora indirimbo zihimbaza Imana arizo GOSPEL kwikubita agashi bagatanga ibikorwa vyabo kubamenyeshamakuru bakorera kumbuga za INTERNET nabo bagaheza bakabishikiriza abantu babinyotowe bikanabahezagira kubutumwa batanze mundirimbo zabo.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *