Health-Amagara y’ abantu: K’umunsi Abantu Ibihumbi Bitanu Barahitanwa n’Igituntu

By  |  0 Comments

Kur’uyu wa gatanu, itariki mirongo ibiri na zine z’ukwezi kwa gatatu, n’umunsi mpuzamakungu wahariwe igituntu, indwara yama ihitana abantu bashika hafi imiliyoni zibiri buri mwaka. Abenshi mubabangamiwe n’iyo ndwara baturuka mu bihugu bitandatu arivyo: Indoneziya, Ubuhindi, Ubushinwa, Nijeriya, Pakistani na Afrika y’Epfo.



Iyo tariki ihimbaza umunsi muganga Robert Koch, yatora iyo ndwara y’igituntu. Gushik’ubu mw’isi abantu bashika ku bihumbi bitanu k’umunsi barahitanwa n’iyo ndwara. Mario Raviglione, umuyobozi ajejwe kugwanya igituntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi, OMS mu mpfunyapfunyo, avuga ko iyo ndwara ikarira abantu babangamiwe n’ubuzima, bagizwe ahanini n’abimukira, impunzi, abapfunzwe hamwe n’abantu binubwa n’abandi aho babaye.

Mur’iyi myaka ya nyuma, bivugwa ko iyo ndwara yagiye irakwiragira mw’isi hose, bituma ibangamira ubuzima bw’abatari bake. Mu cegeranyo casohotse ku bijanye n’imiti mishasha iheruka gusohoka, yo kugwanya iyo ndwara y’igituntu, Muganga Keertan Dheda, ajejwe indwara zo mumahaha muri Kaminuza ya Cap Town, muri Afrika y’Epfo, avuga ko iyo miti idategerezwa gutangwa mu kivunga. Muganga Dheda akavuga ko itegerezwa guherekezwa n’uburyo bwo kuyifata bwumvikana, kugira ntitere izindi ngorane.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *