Etiyopiya: Abashika 46 Barapfuye Baguweko n’Umusozi w’Umwavu

By  |  0 Comments

Abategetsi ba Etiyopiya batangaza ko abantu bashika 46 bapfuye baguweko n’umusozi w’umwavu mu micungararo y’umurwa mukuru Addis Abeba k’umusi wa gatandatu.

Umuvugizi w’ico gisagara yatangaje kur’uyu w’Imana ko benshi mubahasize ubuzima ar’abakenyezi n’abana, amenyesha kandi ko biteze ko hashobora kuboneka ibindi biziga mu misi ir’imbere.

Igipolisi co kivuga ko abanyagihugu bashika 300 baba kur’uyo musozi w’umwavu, aho abashika 100 bama baza buri musi kuronderamwo ivyo bashobora kuja kugurisha.

Ico kibanza niryo yarara rikuru ry’uwo murwa mukuru Addis Abeba, igisagara kibamwo abanyagihugu bababa imiliyoni zine kandi n’ubutunzi bwaho bwasa n’ubutera imbere.



Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *