Erdogan: ” Ubuholande Buzokwishura Ku vyo Bwakoze”

By  |  0 Comments

Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yabwiye Abaholande kur’uyu w’Imana ko bazoriha ikiguzi inyuma y’aho bankiye umushikiranganji w’imigenderanire wa Turukiya kwifatanya n’abimukira b’abanyaturukiya bari mu myiyerekano m’Ubuholande.

N’inyuma kandi y’aho k’umusi wa gatandatu uwundi mushikiranganji wa Turukiya yirukaniwe m’Ubuholande kur’iyo mpamvu nyene. Perezida Erdogan yavuze ko atayindi reta yobuza abategetsi ba Turukiya kuja m’Ubuholande atari reta y’agacinyizo.




Abo bategetsi ba Turukiya bariko bagerageza gushigikira abimukira ba Turukiya m’Ubuholande bariko bagaragaza ko bashigikiye ingingo ya Perezida Erdogan yo gutunganya kamarampaka (Referendum) igamije kuzohindura ibwirizwa nshingiro kugira azobandanye atwara gushika muri 2029.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *