Burundi: Rwasa Yemeza Ko Abanywanyi Be Bahohoterwa

By  |  0 Comments

Abanywayi b’umugambwe FNL uramutswa Agathon Rwasa akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka bamaze iminsi batabwa muri yompi bagirizwa gukora inama zitemwe n’amategeko.

Mu ndwi iheze, abanywayi be 11 bo muri komine Nyanza-Lac y’intara ya Makamba barafunzwe. Bagirizwa gukora inama itemewe n’amategeko.



Mu kwezi kwa cumi na rimwe twarabashikirije amakuru avuga ko uwutwara umugambwe FNL yigenga ya Agathon Rwasa mu ntara ya Muramvya( Hagati mu gihugu) n’uwutwara uwo mugambwe muri komine Mbuye muriyo ntara bafunzwe n’inzego za polisi I Muramvya.

Mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze abanywanyi batanu b’umugambwe FNL ishami rya Rwasa bafungiwe mu gasho ka komine Busoni bafatiwe ku mutumba wa Munyinya muri zone ya Mukerwa muri komine Busoni. Bafashwe baregwa gukora inama inzego z’ibanze zivuga ko itemewe n’amategeko.

Umviriza hano amakuru!

Muri uko kwezi kwa gatandatu Rwasa nawe yabujijwe gukoresha inama mu ntara ya Karusi.

Mu kwezi kwa gatanu, umushingantahe Rwasa yari yankiwe gukoresha iyindi nama mu ntara ya Cibitoke.

Mu kwezi kwa gatatu abandi banywanyi b’umugambwe FNL ishami rya Rwasa bagera kuri 16 bafungiwe mu gasho ka komine Busoni.

Muribo harimwo n’uwuyoboye uwo mugambwe mu ntara ya Kirundo n’umukuru wa FNL ya Rwasa mu karere ka Bweru-Buyogoma kagizwe n’intara za Kirundo, Muyinga na Cankuzo.

Ico gihe umuyobozi wa polisi mu Kirundo yavuze ko bafashwe bakora inama itemewe n’amategeko mu muhana.

Ayo ni amwe mu makuru twagiye turabashikiriza ajanye n’abanywanyi b’umugambwe FNL riyobowe na Agathon Rwasa bafunzwe abandi bagahohoterwa.

Ni mugihe kandi uyu muyobozi akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka amaze kumenyesha akatari gake ko umutekano wiwe ubangamiwe.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *