Burundi: Urwaruka rurakomeza Imyiyerekano

By  |  0 Comments

Kuri uyu wa gatandatu, ihuriro ry’urwaruka mu Burundi ryatunganije imyiyerekano ku mugwa mukuru Bujumbura. Iyo myiyerekano yari iyo gushigikira inzego z’igihugu no kwiyamiriza abashatse guhirika ubutegetsi mu mwaka w’i 2015.

Abitabiriye imyerekano yateguwe n’inama nkuru y’urwaruka bari bagizwe n’abakiri bato ahanini.

Abantu bari bitavye basumba abari bamaze imisi bitaba imyiyerekano yatumweko na Leta n’amashirahamwe yigenga.

Ku vyapwa bari bafise abitavye imyiyerekano vyaboneka ko bafitiye agashavu abagerageje guhirika ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu umwaka w’i 2015.




Umuntu yashobora gusoma bene aya majambo kuri ivyo vyapwa “abashatse guhirika ubutegetsi nta kindi bakwiriye atari urupfu, ugufungwa n’ukwangazwa.”

Imyiyerekano nk’iyi yabaye kandi no mu ntara zose zigize u Burundi.

Muriyi ndwi, Ambassade ya Amerika yari yasohoye itangazo isaba abavukagihugu ba Amerika kwirinda kuja mu gisagara hagati na hafi y’ikibanza citiriwe ukwikukira hagati y’isaha zibiri n’isaha zitandatu z’umutaga.

Ubuserukizi bwa Amerika bwari bwavuze ko atawokwijajara busigura ko n’imyiyerekano iteguwe mu mu mahoro ishobora kubamwo intandaro y’umutekano muke.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *