Burundi: Hagiye gushingwa Bank ijejwe gufasha Urwaruka mukwiteza imbere!

By  |  0 Comments

Mu ntumbere rero yo gutez’ imbere igihugu c’ uburundi, hisunzwe kuri wa mugambi wa Afrika 2063, icegera ca mbere c’ umukuru w’ igihugu aravuka ko ikibazo c’ igwirirana ry’ abantu cizwe ninama y’ ubumwe bga afrika, ninkoramutima ku gihugu c’ uburundi. Abandanya avuga ko Reta, hamwe n’ abagwizatunga bogira ico bakoze kugira batez’ imbere urwaruka, kuko ivyo bizogira ico bifashije mu gihugu c’ uburundi mu gupunguza igwira ry’ abantu n’ ubukene.




Gaston Sindimwo, icegera cambere c’ umukuru w’ igihugu, yamenyesheje neza ko hagiye gushingwa iBanki ijejwe gufasha urwaruka, mukubaha ingurane n’ ibindi vyinshi. Gaston Sindimwo akomeza avuga ko abajejwe gutanga ubumeme, bari bakwiye gukwiragiza ubumeme mumakomine yose kugira urwaruka rushobore kugira imigambi irashe yo kwitez’ imbere. Icigera c’umukuru w’ igihugu ahamagarira urwaruka kwitaba no kwiyunga n’ amashirahamwe yo kwitez’ imbere kugira bazoze bashobora kuronka ingurane biciye murayo mashirahamwe kuko banagenda babigisha ingene bakwiye gukora ubutunzi neza. Gaston Sindimwo arangiza avuga ko uwo mugambi ugiye gushigwa mu ngiro vuba.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *