BIG FIZZO na LOLILO VYABANANIYE KWIHANGANA IGIHE BAGENDA GUHAMBA DR. JACK PRO RABA BARIKO BARARIRA

By  |  1 Comment

Uy’umunsi wa kabiri ntiho umuhinyanyuzi w’igihangange mu muziki w’uburundi n’urwanda ndetse na Congo nyakwigendera DR. JACK PRO bamushingurana iteka mw’itongo ry’abapfuye  ry’i Bujumbura ahitwa Kumpanda, hari huzuye amarira menshi cane gose aho umuririmvyi BIG FIZZO vyamunaniye kwihangana gushika ntaho umubiri wose amerewe nabi cane gose akibaza uwuzosubira kumukorera indirimbo nkuko yakoze What’s my Name irimwo ubuhinga bwinshi ikanakundwa cane gose uyu munsi nivyari bisawanzwe kuko BIG FIZZO  mpumaso yiwe hari hameze nk’ahapfumba igipfungu mukurira akororera amosozi munda mu kubabazwa cane gose n’urupfu rwa DR. JACK PRO hari kubitaro vyari birukukiyemwo umuhisi Dr. Jack Pro basezera iryanyuma.

Moldiv_1415727942068

 BIG FIZZO NA LOLILO AGAHANDINDA KARI KOSE KUMAZIKO Y’UMUHINYANYUZI DR. JACK PRO YOTIVYE UWAMUREMYE IMANA YACU

Umuririmvyi LOLILO wewe vyamunaniye kwihanga kuva aho yumvise ko DR. JACK PRO y’apfuye nabwo yari bwavyemere namba kuko yabifata nk’uwutavyemera ku kuntu yashimishwa n’ibikorwa vya DR. JACK PRO. Yaje kuvyemera neza na neza igihe uyu munsi yabona nyakwigendera aryamitswe mwisandungu bariko baramusezera iryanyuma aho LOLILO yaguye mugahundwe gushika aho umubona mumaso yiwe huzuye amarira n’ivyuyuro vyinshi mukwibaza uwuzosubira kumukorera indirimbo igakunda nkuko nyakwigendera DR. JACK PRO yashoboye kumukorera indirimbo LIZZO.COM gushika ubu ikunzwe cane gose mu muziki w’uburundi bwacu.

Ivyo bikaba arivyo vyashikiye abo baririmyi BIG FIZZO na LOLILO uyu munsi wa kabiri itariki cumi nimwe z’ukwezi kw’icumi na rimwe umwaka turimwo w’ibihumbu bibiri na cumi na kane.

Share Button

Share Button

1 Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *