SATURACOMPETITION n’ihiganwa ritangujwe na SAT – B rungika Video yawe kuri WHATSAPP utsindire 100.000fbu.

By  |  1 Comment

Guhera uno munsi wa mbere  itariki 10/11/2014 haratanguye ihiganwa ridasanzwe ritunganijwe n’igihangange mu muziki w’uburundi bwacu umuririmvyi SAT – B ubu nyene aramenyesha abantu bose haba ba fans biwe canke abatari aba fans biwe mwotangura guhingwa muri SATURACOMPETITION muririmba indirimbo SATURA AMABAFLE uraheza ukifata VIDEO ukaririmba indirimbo SATURA AMABAFLE uhejeje ugaca worohereza kuri  WHATSAPP. Hama SAT – B agaheza agatanga amanota kuwashoboye kuririmba neza.

 

10700121_632335630212049_8046365016477527627_o

SATURACOMPETITION rikaba ari ihiganwa rije gutuma umukunzi w’umuziki w’uburundi ashobora kugira ubumenyi budasanzwe mukuririmba indrimbo SATURA AMABAFLE akazoheza agatahukana agashimwe k’amafaranga ibihumbi ijana ry’amafaranga y’amarundi mukazoyahabwa n’umuririmvyi SAT – B uwuzoba uwa mbere niwe azoyegukana.

Indirimbo Satura Amabafle ngira ntawutayizi kuyiririmba

Fata telepfone yawe wifate video uririmbe neza indirimbo Satura Amabafle maze urungike kuri NUMERO +25779009766 WhatsApp wahejeje kwifata neza amajwi yawe washizemwo ubuhinga budasanzwe kugira usumbe abandi uheze utahukane agashimwe gashimishije.Uwa 1 azotsindira 100.000fbu.

Ukuntu ihiganwa SATURACOMPETITION rizoza riratanga amazina y’aba fasn bashoboye kurenga mukuririmba neza indirimbo SATURA AMABAFLE twokubwira ko kira ndwi yose uheze umuririmvyi SAT – B n’abandi bahinga bazobimufashamwo kuraba abaririmvye neza mugihe barungitse VIDEO yabo baririmba indrimbo SATURA AMABAFLE muzokwama mubona LIST y’amazina y’abashoboye kurengana igihanwa SATURACOMPETION

Tworangiza tubamenyesha y’uko ihiganwa SATURACOMPETION rizorangira mu kwezi kuza kw’icumi na kabiri. Ikindi twosozerako n’uko ama Video yose muzofata mwebwe aba fans muririmba indirimbo SATURA AMABAFLE zose uzohhora uzibona kuri PAGE ya SAT- B wirabire ko washoboye kuronka amahirwe yokurenga ugatsindira amafaranga 100.000 Fbu.

Kurikirana video z’abahiganwa kuri iyi page….https://www.facebook.com/pages/Sat-b-satlight/325080860937529

10251939_632525023526443_5594888939879670309_n

SAT – B yagize ico ababwira abantu bose bashaka guhiganwa mukuririmba indirimbo SATURA AMABAFLE yagize ngo:

Fata telepfone yawe ufate video
uririmba indirimbo satura amabafle
Uheze urungike kuri 79009799 aho uzoba winjiye mw ihiganwa nyezina ariryo “SATURACOMPETITION2015

Uwa 1 azoronka agashimwe ka 100 000 fbu …
Uwa 2 n uwa 3 akazoronka amahirwe yogusangira natwe umunsi wose…rikazomara ikiringo c indwi 3 video z abahiganwa muzozikurikirana kuri iyipage :https://www.facebook.com/pages/Sat-b-satlight/325080860937529?fref=nf

Share Button

Share Button

1 Comment

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *