ABANYAMAKURU MU KIBUGA

By  |  0 Comments

Primus ligue2

ABANYAMAKURU MU KIBUGA .Mu gihe ata nkino z’ihiganwa rikuru PRIMUS LIGUE zabaye mu mpera z’indwi ku magenekerezo ya 15 na 16 munyonyo 2014, ikinyamakuru canyu cashimye kubagezaho inkino zimaze igihe zikinwa n’abasanzwe bakora mu bijanye n’ugutumatumanako (communication). @ Mw’ihiganwa rihuza ubushikiranganji butandukanye, harashoboye kubonekamwo umugwi w’ubushikiranganji bw’ugutumatumanako aho uwo mugwi usanzwe ukinirwa n’abasanzwe bajejwe gutanga amakuru ku ma radiyo, televisiyo, n’abandika mu bijanye n’ubuhinga bwa none. Uwo mugwi rero ukaba wari ugeze mu gice ca kane gishira icanyuma (1/4 de finale) aho wakoze akigoro kadasanzwe mu kuhashika, aho ni mu gihe wabanje gukina inkino zitatu ugatsinda rumwe ukanganya zibiri udatsinzwe igitsindo na kimwe. Rumwe mu nkino zabagoye rukaba urwo baheruka guhuriramwo n’ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, aho batanana mu mitwe ku wa 11 Munyonyo 2014 n’abagwiriyemwo abamenyereza b’imigwi itandukanye, mbere benshi muri abo bakaba barigeze no gukinira umugwi nserukira-gihugu. @ Ni kuri uyu wa 18 Munyonyo 2014 rero, aho bitari vyoroshe hagati y’ubushikiranganji bw’ugutumatumanako n’ubw’ubutungane, mu gice ca kane gishira icanyuma. @ Umugwi w’ubw’ubutungane, bivugwa ko usanzwe ugira imyimenyerezo ikomeye ni wo watanguye usatira cane urugo rwari rurinzwe na Amidou Hassan, gushika n’aho haboneka igitsindo cawo cambere mu minota idashika 20 y’urukino, igice cambere kirinda kirangira kuri iyo ntsinzi ya 1-0. @ Igice ca kabiri catanguranye n’imikenyuro mishasha y’umumenyereza Désiré Hatungimana, aho vyabonetse ko ugufashanya hagati y’abitwa Silas na Faustin kwahinduye isura y’urukino. Hahavuye hakorwa ikosa rituma ubushikiranganji bw’ubutungane butakaza umukinyi yahawe ikarata itukura, bica vyongera ingoga abo mw’itumatumanako, ni na ho bahava bakaronka penalty igahushwa na kizigenza Amidou, bidatevye hagakorwa iyindi yinjijwe n’uwitwa Jimmy. Urukino rwarinze ruhera imigwi yose inganya 1-1.

Primus Ligue

aho rero hakaba haciye hifashishwa ya mipira batera itanu kuri buri ruhande(tirs au but), imigwi yose ikaba yateye gatandatu. Intsinzi yatahukanywe n’ubushikiranganji bw’ubutungane mu kwinjiza 5-4, buca buronka akaryo ko kuzobandanya muri kimwe ca kabiri gishira icanyuma (1/2 finale). Ariko rero ivy’abanyamakuru ntibihereye aho, barabandanya imyiteguro y’urukino rwo gusubiriza ruzobahuza na bagenzi babo bo mu gihugu kibanyi c’Urwanda mu ntango za Kigarama 2014, mukaba mwokwibuka ko urukino rwabo rwambere rwari rwabereye i Bujumbura muri Mukakaro 2014 rugahera banganije 1-1. Ku bakunzi ba PRIMUS LIGUE na mwe, mwomenya ko inkino zitegekanijwe ku magenekerezo ya 21, 22 na 23 Munyonyo 2014 ukazoba ari umusi ugira 11. Inkino zitezwemwo vyinshi zikaba ari izizohuza imigwi isanzwe ifitaniye ubukeeba nka: *MESSAGER BUJA Vs MESSAGER NGOZI, *INTER STAR Vs VITAL’O FC, izi n’izindi, inkino umunani zose ikinyamakuru canyu kikaba ciyemeje kubashikiriza ingene ziba zagenze.

Post News by Wilson Melchior Kwizera

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *