Umunsi udasanzwe umuririmvyikazi THITY LOVE afise Birthday aratumira aba fans biwe bose

By  |  0 Comments

Umuririmvyikazi THITY LOVE inyuma yaho yibarutse umwana w’umukobwa , uyu munsi  nusazwe kuri we ntiho aramuka ahimbaza isabukuru y’amavuko yiwe , uno muririmvyikazi THITHY LOVE yamaze gutangura gutumira incuti aba fans biwe bashobore kumubwira ahantu baja hamwe bagasangirira hamwe isabukuru bakanezerwa bashima Imana guhimbaza iyo sabakuru y’amavuko yiwe. Ukaba uri umu fans w’umuririmvyikazi THITY LOVE itegure  kuja gusangirira hamwe nawe isabukuru nziza y’amavuko yiwe wongere umwifurize iyindi myaka yokuba uyimusabiye imbere y’Imana.

904528_785705491448780_2780252483155868213_o

Akwije imyaka 25 Ans y’amavuko

Mbega THITY LOVE kubatamuzi ninde numwe mubaririmvyikazi babarundikazi bafise impano nziza yo kuririmba indirimbo zigakundwa n’abantu benshi eka sivyimbeshere uno muririmvyikazi arashoboye uravye canke wumvirije indirimbo ziwe zose ziraruhura umuntu azumvirije.Mbega THITY LOVE yoba akwije imyaka ingahe ?  THITHY LOVE akwije imyaka 25 y’amavuka akaba yavutse mumwaka.

Tukwibutse ko umuririmvyikazi THITY LOVE yubatse urugo rwiwe hamwe n’umuririmvyi KOOK – K bakaba baheruka kuvyarana umwana w’umukobwa rero uyu munsi nusazwe kuribo kuko bahava bafata akanya bagasangirira hamwe isabukuru bari kumwe n’incuti , abagenzi batibagiye abaririmvyikazi n’abaririmvyi bamwe bamwe b’umuziki w’uburundi bwacu.

Amakuru twaronse n’uko umuririmvyikazi THITY LOVE hamwe n’umuririmvyi KOOK -K bahava mukanya basangirira hamwe isabukuru ya THITY LOVE hatitwa IMUHIRA BAR ngaha mugisagara ca BUJUMBURA kandi bizoba bidasanzwe kuko bahava basangayo umurwi PEACE AND LOVE.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *