Nigeria: Muri NaiJeria Ingwara ya Mugiga iramaze guhitana abashika 270

By  |  0 Comments

Muri Nijeriya, abantu barenga amajana abiri na mirongo itandatu, bagizwe ahanini n’abana, barahitanywe n’indwara ya mugiga, nk’uko vyatangajwe n’ikigo NCDC, kijejwe gucungera indwara aho muri Nijeriya. Ico kigo kimenyesha ko gushika mur’uyu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi n’indwi, abantu bashika ku bihumbi na bibiri aribo bikekwa ko bashobora kuba bafise iyo ndwara.

Chikwe Ihekweazu, arongoye ikigo NCDC yatangaje ko ikibazo kijanye n’uko ata ncanco ziriho kibangamiye cane ibikorwa vyo guhagarika iyo ndwara.



Ishirahamwe Mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, OMS, ariryo risanzwe rijejwe ububiko bw’incanco, ryaratanze incanco zishika ku bihumbi amajana atanu, kugira hatanguzwe isekeza ryo gucandaga abanyagihugu kuva itariki ya cumi na rimwe z’ukwezi kuza kwa kane.

Nijeriya isanzwe iri mu bihugu biri muri Afrika yo munsi ya Sahara, bibangamiwe n’indwara ya mugiga. Mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na gatanu, abantu ibihumbi cumi na bibtatu n’amajana indwi barafashwe n’iyo ndwara, ico kiza kikaba cahitanye abashika ku gihumbi n’ijana aho muri Nijeriya, no mu gihugu kibanyi ca Nijeri.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *