Mu gihugu c’ Ubushinwa, bahagaritse urudandazwa rw’ amahembe y’ Inzovu

By  |  0 Comments

Igihugu c’Ubushinwa catangaje ko kigiye kwugara amahinguriro akora urudandaza rw’amahembe y’inzovu, kur’uyu wa gatanu, itariki ya mirongo itatu n’imwe. Ivyo ngo biri m’umugambi wa Reta wo guhagarika urwo rudandaza hagati mu gihugu. Umugwi ujejwe gukingira inzovu muri Kenya uvuga ko iyo ngingo iza yaragize ingaruka.

Uwo mugwi umenyesha ko m’Ubushinwa igiciro c’amahembe y’inzovu cagabanutse gushika ku bice mirongo itandatu kw’ijana, mur’iyi myaka itatu. Mu mwaka w’ibihumbi bibiri na cumi na kane, ikiro c’ayo mahembe cari ku madolari ibihumbi bibiri n’ijana. Nayo mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka akaba yarageze ku madolari amajana indwi ku kiro.



Reta y’Ubushinwa yasohoye iryo tegeko mu mpera z’umwaka uheze, ikavuga ko izokwugara amahinguriro n’amaduka yose atabifitiye uburenganzira. Ikigo kijejwe guhanahana iguranana ry’inzovu kivuga ko Ubushinwa aribwo bwa mbere m’urudandaza rw’amahembe y’inzovu.

Ivyegeranyo vyasohotse bivuga ko mur’iyi myaka ya nyuma inzovu ibihumbi n’ibihumbi zishwe k’urugero rw’ibice mirongo itatu kw’ijana mu mashamba cimeza ya Afrika, hagati y’umwaka w’ibihumbi bibiri n’indwi n’ibihumbi bibiri na cumi na kane. Ingingo Ubushinwa bwafashe yo guhagarika urwo rudandaza ikaba yarashimishije abatari bake.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *