Mexique: Nyamugigima Imaze Kwica 58 muri Mexique

By  |  0 Comments

Abantu 58 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye bahitanwe na nyamugigima ikomeye yabaye m’ubumanuko bwa Mexique k’umusi wa kane.




Ivyo vyatangajwe na buramatari w’intara ya Oaxaca kur’uyu wa gatanu.

Abategetsi bavuga ko ibitigiri vy’abapfuye bishobora kwiyongera mu gihe ayandi makuru abandanya ashikirizwa.

Perezida wa Mexique, Enrique Pena Nieto,yatangaje ko yabaye nyamugigima ikomeye mu kiringo kirenga imyaka 100, inyuma y’iyabaye mu mwaka w’1985 yahitanye abaharurwa mu bihumbi.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *