Kenya: Raila Odinga avuga ko agiye kwitura ubutungane kuko yibge amatora

By  |  0 Comments

Mu gihugu ca Kenya, Raila Odinga aheruka gutsindwa mu matora y’Umukuru w’Igihugu yatangaje ko agiye kwitura ubutungane, mu kibanza co guhamagarira abanywanyi biwe mu myiyerekano. Odinga yemeza ko yibwe amajwi mu matora y’umukuru w’igihugu aheruka.

Iyo ngingo yatumye impungenge zigabanuka mu gihe abatari bake bari bafise ubwoba bw’uko hashobora kwaduka ubwicanyi. Odinga avuga kandi ko bazokwigisha amahoro nk’uko bamye babikora. Yamara ko bazoharanira n’uburenganzira bwabo bwo gukora imyiyerekano. Yatangaje ko bazogandara, bakagira umwanya w’agacerere, kuvuza ingoma no gukora ibishoboka vyose kugira ngo berekane, biciye m’umutekano, ko bibwe amatora.

Mu matora yabaye mu ndwi iheze muri Kenya, Raila Odinga yatahukanye amajwi mirongo ine n’ane n’ibice umunani kw’ijana, nayo Prezida Uhuru Kenyatta bahiganwa asubira gutorwa ku majwi mirongo itanu n’ane n’ibice bitatu kw’ijana.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published.