Kenya News: Kenya igiye gusubira kugira ayandi matora mumisi 60 irimbere

By  |  0 Comments

Perezida w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta yatangaje uno musi ku wa gatanu kw’azokwubahiriza ingingo ya sentare nkuru y’igihugu ca Kenya y’ugufuta ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Kenya yatsiunze mu kwezi guheze.Ivyo naho atemera ubwiwe ingingon y’iyo sentare.

Naho Perezida Kenyatata azokwemera ingingi ya sentare nkuru y’igihugu, yanabgauye iyo sentare. Yatangaje kw’abantu batandatu bafashe ingingo y’ukurenga ku vyipfuzo vy’abanyangihugu.

Sentare nkuru y’igihugu ca Kenya yafuse, uno musi ku wagatanu, ivyavuye mu matora yo mu kwezi guheze kubera hari ibintu bidakwirikije amategeko umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora wakoze mu gihe c’amatora, muvyo iyo sentareivuga ko vyatumye amatora abamwo amahinyu.

Umuyobozi w’urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na Reta Raila Odinga yatwaye muri sentare nkuru y’igihugu aho yasavye kw’iyo sentare ifuta ivyavuye mu matora yabaye mu kwezi kw’umunani.

Odinga avuga kw’ivyavuye mu matora vyatumye atsindwa n’uwo bahiganwa Uhuru Kenyatta n’amajwi agera ku muliyoni n’ibihumbi amajana ane arimwo amahinyu.

Ibwirizwa shingiro ry’igihugu ca Kenya rimenyesha kw’amatora mashasha ategerezwa gutunganywa mu misi mirongo itandatu yimirije.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *