Kampuni ya Shemeza itanguje ihiganwa rya “SHEMEZA ARTIST 2016”

By  |  0 Comments

Ikampuni Afro Shemeza Company isanzwe ifise amashami atatu; Shemeza Clouds, Shemeza Stores, Shemeza Studios, noneho yongeyeko ishami rigira kane Shemeza Gospel Music (iShemeza), aho hazoza haraba amahiganwa y’ indirimbo z’ Imana hamwe n’ ukugura imiziki itandukanye y’ abaririmvyi.

Uno mwaka iShemeza ibazaniye ihiganwa rya mbere rya Shemeza Artist 2016, aho uwozotsindira ikibanza cambere azoronka agashimwe ki suit ivuye muri Shemeza Stores hamwe na Trophy.

Shemeza ihaye ikaze kurabo baririmvyi babarundi bose bari muri Reta Zunz’ ubumwe z’ America kwiyunga n’ ano mahiganwa. Iyandikisha rizokugarwa itariki 1 Rusama (May), ariko kandi irashobora kugarwa imbere yaho bivanye n’ ubginshi bg’ indirimbo.

Vuba tugiye kubaha uburyo ingene abakunzi bumuziki mushobora kutora umuririmvyi wanyu.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *