Burundi: Mu ntara ya Ruyigi Igitoro cakenye

By  |  0 Comments

Murino misi ngw’ igitoro kirakenye mu ntara ya Ruyigi. Ama station adandaza ibitoro vyinshi araguyaye, n’ abaronka igitoro babironka kubandandabi ba magendo.

Abagendesha imiduga n’ amapikipiki bagura kumasoko ya magendo aho bavuga ko kizimvye cane kurusha uko bahora bakigura ama station agikora. Abadandaza igitoro nabo bavuga ko batazi igihe kisubira kuboneka.




Umuhanuzi wa Buramatari w’ Intara ya Ruyigi avugako agiye gutohoza neza imvo y’ ubukene bg’ igitoro kugira abone ico ashikiriza. Twobamenyesha ko igitoro catanguye gukena mu ntara ya Ruyigi kuva k’ uruyu wa gatatu igenekerezo rya 1 Ntwarane, 2017. Abandandazi n’ abatunzi b’ amamodoka n’ amapikipiki bagasaba ko hogira icokozwe vuba kugira ibikorwa bibandanye!

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *