Burundi: Abayoboke 11 ba FNL Batawe mu Mvuto

By  |  0 Comments

Abayoboke11 b’umunyepolitike akaba n’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka Agathon RWASA bo muri komine Nyanza-lac intara ya Makamba baraphunzwe. Bivugwa n’umushingamateka yatowe mur’iyo ntara.

Umushingamateka Rénovat NDUWUMWAMI avuga ko abo bayoboke b’urunani abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI batanguye guhagarikwa ku musi wa mbere w’ino ndwi n’ubu baguma bafatwa n’abapolisi baherekejwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi.



Abo bahagarikwa bagirizwa ko bakoze inama itemewe n’amategeko ku musi w’Imana uheze ibitemerwa n’uwo mushingamateka. Avuga ko ivyo babagiriza atari vyo. Uwo yatowe ngo aserukire abanyagihugu asigura ko abariko barafatwa bari bagiye gusuhuza mugenzi w’abo muri zone Muyange, yari yabuze abana babiri b’amahasa bitavye Imana bahejeje kuvuka.

Umushingamateka Rénovat NDUWUMWAMI avuga ko ibiriko bigirirwa abo bayoboke ba Agathon RWASA muri komine Nyanza-lac ari agatotezo. Agasaba ko borekurwa ata kirinze gusabwa.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi ntitwamuronse kw’iterefone yiwe ngo agire ico avuze kw’ihagarikwa ry’abo bantu. Ariko amakuru dukura mu biro vy’inyamiramabi iriko ikorera kur’iyo dosiye avuga ko abo bantu bahagaritswe ku mvo z’amatohoza ku caha bagirizwa co guhungabanya umutekano mugihugu.



Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *