Burundi: Abanyeshure Batanu Bo Kuri Kaminuza Bahagaritswe

By  |  0 Comments

Ejo kuwa kane itariki 16/03/2017, abanyeshure batanu bo kuri kaminuza bafatiwe ku murwa mukuru Bujumbura

Bari bazindutse bitaba imitahe barungikiwe n’ubushikirizamanza bwa Republika bukukira sentare nkuru ya komine Mukaza muri Mairie ya Bujumbura.

Nk’uko biboneka ku mitahe y’abo banyeshure barengukishijwe kugira habe amatohoza y’ibanze “instruction” mu gifaransa.

Abo muri kaminuza y’u Burundi ni batatu. Bose bari bararanye imitahe akaba ari nabo bijanye kwitaba ubutungane.

Abandi babiri bo mw’ishure nderabigisha ENS nabo baronkejwe imitahe mu gatondo ko kuri uyu wa kane baca burizwa imodoka y’ishure bajanwa kuri parquet ikukira sentare nkuru ya Mukaza.

Abo banyeshure bamaze gushika aho bumviririzwa n’umu magistrat bamaranye umwanya urume rumara. Imiduga itatu y’igipolisi yaciye iza irabayora.

Gushika ubu abanyeshure bari mu nzego ziserukira abandi muri kaminuza na ENS bemeza ko batazi icatumye bagenzi babo bahagarikwa.

Ariko rero baribaza ko ifatwa rya bagenzi babo rifitaniye isano n’ingingo nshasha ya Leta yo gutanga agafashanyo bourse nk’ingwati izorihwa aho kukaronswa ku buntu nk’uko vyahora.

Mbere muri ENS ho bari bamaze gusohora urwandiko ko kuva ku wa 23 uku kwezi bazohagarika ivyigwa biyamiriza iyo ngingo.

Abanyeshure bo muri kaminuza y’u Burundi na ENS batangazwa n’ukuntu bagenzi babo bahagaritswe n’igipolisi kandi bariko bumvirizwa n’ubutungane.

Abo banyeshure basaba ko bagenzi babo barekurwa.

Kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa kane, kw’ishure nderabigisha ENS no mu bigo bimwe bimwe vya kaminuza y’u Burundi nka IPA na Mutanga ku mugwa mukuru Bujumbura ivyigwa vyahagaze. Aya makuru yemezwa n’abigisha hamwe n’abanyeshure.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *