Bubanza, Burundi: Imvura Yakomerekeje Abantu 19

By  |  0 Comments

Abantu 19 barakomeretse cane, amazu arenga amajana atatu arasambuka, imirima itari mike iratwarwa biturutse ku mvura yaguye ari nyinshi mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatatu muri komine Gihanga y’Intara ya Bubanza.

Iyo mvura yatumye imiryango irenga ku 300 yo mu bigwati bitatu vya komine Gihanga itagira aho ikika umusaya. S’amazu y’abanyagihugu gusa yasidutse kubera imvura y’uyu wa gatatu muri komine Gihanga. Ibisakazo vy’Ibirasi bitatu vyo kw’ishure nshingiro rya Murira ya mbere vyaraguruwe n’umuyaga.

Iruhande y’abakomeretse ubu bariko baravugwa n’amazu yasambutse, imirima ntiyasigaye inyuma kubera imyuzure nk’uko bivugwa na musitanteri wa komine Gihanga. Léopold NDAYISABA co kimwe n’abo arongoye bari bafise icizere ko muri kino gihe c’impeshi hoho bazimbura bagereranije n’agatasi kabasize mu kangaratete kubera uruzuba .

No mu ndwi iheze imvura nyinshi ivanze n’igihuhusi yaguye muri komine n’intara ya Bubanza yatumye amazu arenga ijana y’abanyagihugu asambuka, amahegitari atari make y’imirima arononekara.



Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *