Sudani y’Ubumanuko: Imirwi Irwanya Reta Yashize Hamwe

By  |  0 Comments

Muri Sudani y’Ubumanuko, umukuru w’umuhari batazira Cobra Faction, Jenerali Khalid Butrus Bora, yatangaje ko yinjiye m’umuhari urongowe na Thomas Cirillo Swaka aheruka kwiyonkora kuri Reta. Jenerali Butrus Bora yabwiye Ijwi rya Amerika ko yinjiye mur’uwo mugwi mu ntumbero yo kugwanya Reta irongowe na Prezida Salva Kiir.




Butrus avuga kandi ko Prezida Kiir yatanze ibigwanisho ku banyagihugu bo muri Reta ya Jonglei kugira bashobore kugwana. Burtus asaba ko hashirwaho Reta yubahiriza amategeko, demokarasi n’ubutungane ku banyagihugu bose ba Sudani y’Ubumanuko.

Reta ya Sudani y’Ubumanuko imenyesha ko idatewe ubwoba n’akamo k’iyo migwi y’abagwana. Kuol Manyang Juuk, umushikiranganji w’umutekano yatangaje ko igihugu kiriko kiragerageza kugarukana amahoro n’umutekano. Juuk yahamagariye Jenerali Swaka kwinjira mu biganiro bitegekanijwe gutangura mur’uku kwezi kwa gatatu. Yamara Umushikiranganji ajejwe gutumatumanako amakuru, Michael Makuei yatangaje kur’uyu wa kane ko imigwi yafashe ibigwanisho itazotumirwa mur’ivyo biganiro, mu gihe itokwemera gushira hasi ibigwanisho.



Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *