South Africa: Afrika y’Epfo Ntikivuye Muri Sentare Mpuzamakungu

By  |  0 Comments

Afrika y’Epfo, yakuye burundu ikete yari yashikirije ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko rigiye gusokora muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI. Yamara intambara kuri ico kibazo irabandanya.

Aho ni mugihe inama nshingamateka igiye gutangura guharira kuri ico kibazo kuri uno musi wa gatatu.




Zak Yacoob yahoze ari umucamanza muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, avuga ko atashimishijwe n’iyo ngingo yo gusokora ikete ryo kuva muri iyo sentare mpuzamakungu.

Ivyo vyabaye inyuma yaho mu kwezi guheze sentare nkuru muri Afrika y’Epfo yafashe ingingo yuko iryo kete ryari ryarungitswe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu ritubahirije ibwirizwa shingiro kandi kw’ico kibazo gikwiye kubanza guca munama nshingamateka.

Kubw’uwo Yacoob yahoze ari umucamanza, avuga ko kuba bikurikije amategeko canke bitayakurikije, igikuru n’uko ingingo yo kuva muri iyo sentare ifashwe vyogira ingaruka mbi cane ku gwego mpuzamakungu.

Naho Yacoob ari mubacamanza bari mukaruhuko ku muzabukuru bashize urukumu kw’ikete risaba ku Afrika yepfo itava muri iyo sentare avuga ko, umugambwe ANC uri kubutegetsi ufise igitigiri kinini c’abashingamateka ukaba kandi ushigikiye cane ingingo yo kuva muri iyo sentare mpuzamakungu.



Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *