ShemezApp—Application nshasha iguha uburyo bgo kurungika no kwakira amahera

By  |  0 Comments

INO ARTCLE NIYO KUBABA MU GIHUGU C’ UBURUNDI!

ShemezApp ni Application nsansha yakozwe na Kampuni isanzawe izwi kw’ izina rya Afro Shemeza Company. Iyo kampuni yarisanzwe ifise amashani atandukanye nka Shemeza Stores, Shemeza Clouds, na Shemeza Studios; bongeyeko ishami rya Application kw’ izina rya ShemezApp riguha uburyo bgo kurungika no kwakira amahera.

ShemezApp uko ikora rero ng’ uku: ShemezApp iri mu congereza kandi n’ amahera usanga muri account y’ umunywanyi ari mucongereza. Umaze gutelecharger iyo Application mwisimu yawe, ukiyandikisha kugira uronke account. Umaze kwiyandikisha, ningombga uje muri email yawe urabe link baguha kugira uyikandeho account yawe ibone kuba “Active” (bisigura ushobore kuyikoresha). Mugihe utayibonye muri email, urashobora kwandikira abakozi ba ShemezApp kuri support@shemezapp.com canke utwandikire kuri facebook @ShemezaClouds @shemezaco barashobora kugira account yawe “Active”.

Account yawe image kuba active, ukinjira, nkuko twavuze ubgambere inyandiko zose uza gusanga ziri mucongereza n’ amahera ari mumadorare. umaze kwinjira page yambere iza kuba imeze uku murino pica

nkuko ubinona mw’ ipica aho hejuru uko nikwo page yambere umaze kwinjira muri account biza kumera. urabonako amahera yanditse mumadorare. uwukurungikiye wese yaba ari muri USA canke CANADA amahera yawe acaja ngaho muri account balance.

Kurungika: kugira urungike amahera ukanda aho handitse “send money”. Umaze kuhakanda  page ica iza izakumera nkuko ubibona mw’ ipica aha hepfo:

Iyo rero ubona hejuru niyo page ubona ugomba urungikire umuntu. Utegerezwa kuba ufise amahera muri account kugira ushobore kurungikira umuntu, kuko option ufise yo kurungika niyo “account balance” (iri mukumba gasa n’ ibara ry’ ivu).

Umaze kuba ufise amahera muri account yawe hama ukifuza kurungika nkuko ubibona muriyo page aho hejuru, ushiramwo amahera ugomba urungikire umuntu (aho handitse “Enter amount”), hamwe na username canke email y’ uwo muntu (aho handitse “Enter username or email”). MENYA NEZA: uwo muntu ugomba urungikire ategerezwa kuba afise account ya ShemezApp.

Gukuzayo: Ugomba gukuzayo amahera nkuko ubibona ngaho hepfo kw’ ipica, ukanze kuri “Withdraw” iri kwi page yambere umaze kwinjira muri account, umaze kuhakanda hari message iza nkuko uyibona aho hepfo. Isigura ko utegerezwa kugenda kuri Agence ya ShemezApp kugira ushobore gukuzayo amahera ari muri account yawe.

Ntaburyo barashiramwo bg’ uko ushobora kwinjiza amahera muri account ya bank yawe, ningombga uje kuri Agence ya ShemezApp.

IVYONGEWEMWO: uravye neza kuri page yambere hari ahanditse News. Ushobora gusoma amakuru ya Shemeza Clouds muriyo app Nyene utarinze kwigora. Buri makuru yose twandika kuri website yacu ya Shemeza Clouds News, urayabona muriyo ShemezApp nyene. ShemezApp rero ninzira nziza yo kw’ itezi mbere no gukomeza imigenderanire y’ abarundi bari muri America na Canada hamwe n’ abarundi bari mu gihugu c’ uburundi. Kuri ShemezApp nyene ufise uburyo bgo kwuguruza Agence yawe kugira uze urafasha abanywanyi kwinjiza no gusohoza amahera. Navyo nyene rero n’ uburyo bgiza bg’ umurundi ashobora kuronka akazi agakora akinziza mugihe abaye umu Agent wa ShemezApp. Twandikire kuri support@shemezapp.com canke urondere uwurongoye kampuni ya Shemeza kuri whatsapp, inamba yiwe ni +1 8083331604 .

Ukaba ufise ikibazo andika ngaho muri comment canke uje kuri facebook @shemezaclouds

ukaba utaratelecharger ino App mw’ isimu yawe, kanda kurino link ikurikira utelecharger https://play.google.com/store/apps/details?id=com.shemeza

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *