RDC: Abapolisi Barenga 40 Baciwe Imitwe i Kasai

By  |  0 Comments

Umuhari w’abarwanyi bitwaje ibirwanisho muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo waraciye imitwe abapolisi ba reta 42 inyuma y’aho babategeye umuteko hafi y’igisagara ca Kananga, mumaja hagati y’igihugu.

Ivyo vyatangajwe kur’uyu wa gatandatu na Francois Kalamba, umuvugizi w’inama nshingamateka mu ntara ya Kasai. Yatangaje ko umurwi witwaje ibirwanisho witwa Kamuina Nsapu wateze umutego abapolisi bariko bava I Kananga berekeza I Tshikapa.



Kalamba avuga kandi ko batandatu mur’abo bapolisi barusimvye inyuma yaho abo barwanyi basanze bashobora kuvuga ururimi rw’igi Tshiluba rusanzwe ruvugwa mur’iyo ntara.

Ico gitero kibaye igihitanye abatari bake hagati y’abajejwe umutekano n’uwo muhari w’abarwanyi kuva muci riheze aho abajejwe umutekano bishe umukuri w’uwo muhari, bikaba vyavyuye uruhagarara rwakwiragiye mu ntara zishika zitanu zo muri Kongo.

Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, vyerekana ko abantu barenga 400 bamaze kwicwa mur’ico gice co mu ntara zo hagati muri Kongo. Benshi muri bo bahambwe mu binogo rusangi, nkuko vyashikirijwe na ONU mundwi iheze inyuma yaho itoreye ibinogo 10 vyahambwemwo abantu.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *