Biramubabaje DJ PRO agiye kwitwarira JB MKUBWA mukumushira kuri AFFICHE ya CONCERT atabifitiye uruhusha mbega azohanwa?

By  |  0 Comments

Birashoboka ko umuntu yitwa JB MKUBWA asanzwe akina bimwe bita MOVIE   agiye kuzokwitaba ubutungane bukwirikirana umuziki w’uburundi   aho ku munsi wa kane itariki 20/11/2014 yashoboye kugaragaza ahabona AFFICHE iranga CONCERT yiyitira ko agiye kuzokoresha mu mwaka 2015  ayikoranye n’abaririmvyi babarundi nka KING PLATA , MSAMALIA , MAGIC KINGORONGORO , SAL – G RAIS , LE PYGME SMALL DOGG , JOSDY , DJ PRO ,  WAWA VG.  Iyo Affiche imaze gukwiragira k’urubuga rwa Facebook yiwe ntiho umwe murabo baririmvyi yashizemwo kuri Affiche ya Concert yiwe musanzwe muzi kw’izina rya DJ PRO  amaze kwibonamwo ntiho  twashoboye  kugirana nawe ikiganiro kijanye niyo Concert ya JB MKUBWA ko yoba ayizi wewe ararahira akarengwa ko na JB MKUBWA atawazi kandi bataranigera baganira n’umunsi warimwe hanini DJ PRO  aramenyesha JB MKUBWA  agiye kuzomwitwarira akazohanwa n’amategeko y’umuziki w’uburundi kuko ngo ashaka kumuta m’urudubi.

2014-11-20-21-47-51

Twomenyesha ko JB MKUBWA ko bagiye kumwitwarira kuba ngo yakoze ikosa rikomeye cane gose mu muziki w’uburundi nkuko DJ PRO yabivuze kubera ngo niyumva ingene bashobora kumushira kuri AFFICE ya CONERT atavyazi kandi batigeze bamutumbera babimusabe.

Mukiganiro twakoranye n’umuririmvyi DJ PRO arashimika akanongera akavuga ko JB MKUBWA afise ikosa rikomeye cane gose aho n’igihe twamubaza DJ PRO  ko JB MKUBWA yoba yashoboye kubimumenyesha akamushira kurutonde rwa AFFICHE ya CONCERT y’abaririmvyi asha DJ PRO yarahiye ararengwa ko batazinanye na JB MKUBWA nagato bataranigera baganira canke bandikiranira ubutumwa kuri terefone ngendanwa n’ahandi.

Uko ikiganiro DJ PRO yakoranye na FRANK PRO wumve ukuntu agiye kuzokwitwarira JB MKUBWA.

 

10313772_663621517037970_4268947380399374017_n

DJ PRO agiye kuzokwitwarira JB MKUBWA mukumushira kuri Affiche ya CONCERT atigeze abimumenyesha

FRANK PRO : Mbega DJ PRO twashaka tukwibarize woba wabonye Affiche ya Concert izoba itariki 02/1/2015 kuko twashoboye kukubonamwo harico iyiziko?

DJ : Mmmh oya  ni Concert yahe jewe kuko nayo nzi mwoshobora kuma nkaraba iyo Affiche ya CONCERT

Ngaho umuririmvyi DJ PRO amaze kubwira FRANK PRO amwereke iyo AFFICHE ya CONCERT yaciye amubwira ngo rindira gato ndayikuzanire, ikiganiro kiracabandanya.

 

Umuririmvyi DJ PRO:  Mmm  mbega ivyo bintu bivuyehe ko jewe atavyonzi.

 

Umumenyeshamakuru FRANK PRO : Twabibonye kuri Facebook.

 

Umuririmvyi DJ PRO : None uwo muntu yakoze iyo AFFRICHE ni nde?

 

Umumenyeshamakuru FRANK PRO : Yitwa JAB MKUBWA

 

Umuririmvyi DJ PRO :  Jewe sindigera ndamubona kandi sindigera nganira  na JB MKUBWA n’ikindi jewe  sindamuzi n’ukwasa

 

Umumenyeshamakuru FRANK PRO : Mbega DJ PRO ubona yoba yakoze amakosa kubashira kuri AFFICHE ya CONCERT atabibamenyesheje

 

Umuririmvyi DJ PRO : Ego yakoze ikosa rinini cane gose  kandi cane gose nkaba ngiye kuzomwitwarira kubera ngaho ashaka kunyononera kazoza kanje mfise mu muziki wanje mu myaka iri imbere

 

FRANK PRO : Twebwe twabonye iyo AFFICHE ya CONCERT twibaza ko yoba yarabibamenyesheje.

 

Twarangije ikiganiro cacu na DJ PRO aguma asubiramwo ijambo rimwe ngo ngiye kumwitwarira  ,kubera vyamubabaje cane gose kumva ngo JB MKUBWA ashobora kumushira kuri Affiche ya CONCERT atabimucishije ko atabimumenyesheje , kandi kuvy’ukuri umuririmvcyi DJ PRO yavyemeje ko agiye kumwtwarira JB MKUBWA agacibwa amande akwirikijwe n’amategeko aranga abaririmvyi n’abaririmvyikazi mu Burundi mugihe umuntu ashoboye gufata umuririmvyi akmushira muri Affiche ya Concert atigeze amutumbera canke ngo babiganire.

Tukaba tukiriko turabandanya turondera abandi baririmvyi bashobowe gushirwa kuri AFFICHE ya CONCERT izotegurwa na  JB MKUBWA azokoresha mu Burundi kugira tumenye ukuri  ko nabwo boba barashoborwa biciye mumategeko nkuko hamaze kubonekamwo umuririmvyi  DJ PRO abihakana akarengwa kandi akaba agiye kuzomwitwarira mubarongozi b’umuziki w’uburundi bajejwe gukwirikirana ibijanye na CONCERT ziba zateguwe zidaciye mumategeko mugushiramwo umuririmvyi atavyo azi. Twobamenyesha kandi ko akageso nka kari kararangiye mu muziki w’uburundi mugihe cahera aho wasanga abaririmvyi babashize kuri AFFRICHE za CONCERT batabizi.

Share Button

Share Button

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *